South Korea: Kompanyi y'amata yasavye imbazi kubera yerekanye abagore nk'inka

Ahavuye isanamu, Seoul Milk
Ifoto ya publicite ya Seoul Milk yateye impari
Kompanyi ya mbere nini y'amata muri Korea y'Epfo vyabaye ngombwa ko isaba imbabazi kubera video yo kwamamaza (publicité, advert) yerekana abagore nk'inka.
Iyo video ya Seoul Milk yerekana umugabo ariko afata rwihishwa amashusho y'abagore bari mu murima, mu nyuma baca bahinduka inka.
Imaze kunegurwa cane, iyo kompanyi yaciye ivana iyo publicité kuri YouTube, ariko kuva ico gihe imaze guhererekanywa cane inyuma yo gusubizwa ku mbuga n'abakoresha internet.
Bamwe bagereranije kandi inyifato y'uwo mugabo na "molka", ingeso itemewe yo gufata amashusho abantu rwihishwa.
Ishami rya Seoul Milk, Seoul Dairy Cooperative ryavuze mu mbabazi ryashize kuri internet riti: "Turasavye imbabazi bivuye ku mutima ku muntu wese yababajwe n'iyo publicité y'amata yasohotse itariki 29 mu kwezi guheze".
"Twemera ko iki kibazo gikomeye kandi tozokwisuzuma, hanyuma turushirizeho kwiyubara kugira ibintu nk'ibi ntibisubire gushika muri kazoza. Turicishije bugufi mu gusaba imbabazi".
Iyo video itangura yerekana umugabo afise camera ariko yitembereza mu gahinga.
Ijwi ry'umugabo ryumvikana rivuga ngo: "Amaherezo twashoboye kubafata amashusho na camera mu kibanza ciza cane".
Aho haca hakurikira uwo mugabo yinyegeje mu bisaka, ariko afata amashusho rwihishwa umugwi w'abagore bariko baranywa amazi mu mugezi bongera bagira yoga.
Hagera aho uwo mugabo ahonyora atabishaka kw'ishami ry'igiti, abo bagore bagaca bikanga buno nyene bagaca bahinduka inka.
Iyo publicité irangizwa n'aya majambo: "Amazi meza, indya nziza, amata ya Seoul Milk ni 100%. Amata atagira akanenge, avuye mw'iraro ritagira akanenge mu murima uteye igomwe wa Cheongyang."
Iyo publicité/advert yatumye haba impari zikomeye mu gihugu ku bijanye n'ivangura n'ibindi bibazo bishingiye ku bitsina ariko ibineguro ntivyagarukiye ku kwerekana abagore nk'inka gusa.
Bamwe barerekanye amakenga yo kuba umugabo afata rwishishwa amashusho y'abagore, mu gihe ivyaha vyo gufata amashusho rwishishwa vyagwiriye cane muri Korea y'Epfo muri iyi myaka.
Molka, bisigura "camera yinyegeje", ubu yabaye ikibazo kidasanzwe ku bagore muri Korea y'Epfo.
Ahavuye isanamu, Seoul Milk
Ifoto ya publicite ya Seoul Milk yateye impari
Si ubwa mbere Seoul Milk ivugwa mu binyamakuru kubera imvo zitari nziza.
Mu 2003, iyo kompanyi yatunganije agakino aho abanyamideri bari gusa basukanako ikivuguto (yoghurt).
Umukuru w'igisata co kwamamaza muri Seoul Milk hamwe n'abagize uruhara muri ako gakino baratangishijwe ihadabu kubera kwerekana ibiterasoni.