Covid: South Africa yakoze ubwoko bwayo bw'urucanco Moderna

Umugore ahawe urukingo rwa Pfizer-BioNTech rukingira Covid-19 i Sandton, Johannesburg, itariki 15 Kigarama (12) 2021

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Afrika kuri ubu niyo ifise igitigi gito kw'isi c'abantu bamaze kwicandagisha Covid

Abahinga mu bumenyi bo muri Afrika y'epfo barakoporoye urukingo Moderna rwa Covid, ikintu bavuga yuko kizofasha kwongera igitigiri c'abicandagisha muri Afrika.

Uwo mugabane kuri ubu ni wo ufise igitigiri gito kw'isi c'abicandagisha Covid.

Ikigo cahinguye uru rukingo rushasha - Afrigen Biologics - kivuga yuko cizera gutangura kugeragereza uru rukingo ku bantu mu kwezi kwa Munyonyo (11).

Moderna mu ntango yaravuze yuko itazoshira inzitizi ku kwigana urukingo rwayo, bituma abahinga mu bumenyo b'i Cape Town baronka akaryo ko kwikorera ubwoko bwabo bw'urwo rukingo.

Abo bashakashatsi bari bashigikiwe n'ishami rya ONU rijejwe amagara kw'isi, OMS.

Petro Terblanche, umuyobozi wa Afrigen Biologics, yavuze ko batanguye buhoro, ariko ko bari bafise umugambi wo kwagura ibikorwa vuba cane.

Yabariye BBC ati: "Twakoresheje impinyanyuro isa nk'iyakoreshejwe ku rukingo Moderna 1273.

"Ibi biri mu mugambi w'utwigoro two ku rwego rw'isi two kurondera uburyo no kwubaka ubushobozi mu bihugu bifise ubutunzi bubayabaye, kugira bishobore kwirwanako."

Uru rukingo ruriko ruriganwa ni urwo mu bwoko RNA messenger / ARN messager rwakozwe n'ikigo Moderna co muri Amerika.

Pfizer-BioNTech nayo yarakoze urukino ikoresheje ubuhinga nk'ubwo nyene. Ni zimwe mu nkingo abajejwe intwaro hirya no hino kw'isi, batanguye kwemerera gukoreshwa.

Ubu bwoko bw'urukingo bwigisha uturemangingo tw'umubiri ukuntu duhingura umusemburo ukabura ubwirinzi bw'imbere mu mibiri yacu, hako hashirwa mu mubiri agakoko katswe ubukana.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Uwujejwe ubuhinga n'ubumenyi muri ico kigo, Dr Caryn Fenner, yavuze ko ivyashitsweko "ari ngirakamaro cane."

Yongeyeko ati "Bishira ububasha mu maboko yacu bwo gushobora guhingura inkingo zacu bwite muri kazoza, tugashobora kwitegurira ibindi biza bizoshika, tukageragereza inkingo ku butaka bwa Afrika hanyuma tukaraba n'izindi ndwara zikora kuri Afrika."

Vyinshi mu bihuru vyo muri Afrika bimaze gukingira 10% gusa vy'abanyagihugu bavyo, ugereranije na 60% mu Amerika y'uburaruko, 63% i Buraya hamwe na 61% muri Aziya. Naho Afrika y'epfo ari yo ifise ibitigiri vyiza kurusha ibindi bihugu ku mugabane, imaze gukingira gusa 27% vy'abanyagihugu bayo.

Vyaratangajwe yuko BioNTech - ikigo cafashanije na Pfizer mu guhingura urukingo rw'ubwoko mRNA - kinafise imigambi yo kwugurura amahinguriro y'inkingo ku mugabane wa Afrika.

Hariho n'iyindi migambi yo kwubaka amahinguriro y'inkingo muri Arika, yibanda cane cane ku nkingo zakorewe mu Burusiya no mu Bushinwa.

Umwihwezo wa Naomi Grimley, umunyamakuru araba ibijanye n'amagara kw'isi

Iyi irashobora kuba ari intambwe ikomeye cane ku mugabane wa Arika.

Nyinshi mu nkingo z'ubwoko mRNA zajanywe mu bihugu bikize kandi imigambi yo kwubaka amahinguriro yazo ku butaka bwa Afrika yamye idashemeye.

Bitewe n'uko Moderna yavuze ko itazoshira inzitizi ku kwigana urukingo rwayo, abahinga mu bumenyi barashoboye kurwigana bifashishije ikigo cihariye cashinzwe na OMS i Cape Town.

Naho igitigiri bamaze gukora gushika ubu ari gito, vyaranyarutse cane gusumvya uko benshi babiziga.

Kwongera ibitigiri nivyagenda neza kandi igerageza rigatanga inyishu nziza, birashobora kuzoba intango y'ukungana mu kuronka inkingo zo ku rwego rwo hejuru.

Haritezwe kandi kuzoraba ingene Moderna izovyifatamwo mu gihe abahinga mu bumenyi batahuye ubufindo bw'umukenyuro w'urukingo rwayo.

Igisata c'ibigo bihingura imiti muri rusange vyariyamirije umugambi wo gukurako inzitizi zibuza kwigana inkingo zavyo, bikitwaza ko zigoye cane guhingura kugira habe hari uwozikorera ukwiwe, ngo kandi vyoca intege ubuhinyanyuzi mu gisata c'abigenga.

Abashigikiye ico gikorwa bobo bavuga yuko ivyo bigo vyakoresheje amahera menshi y'abanyagihugu yatanzwe n'amaleta kugira bishobore gutunganya imigambi yavyo y'inkingo.