Imiduga y'Abarundi iheze i Dar es Salaam

Imiduga ihagaze mu bubiko parking
Image caption Imiduga yatumijwe mu Burundi ibitse i Dar es Salaam nk'uku

Abantu bari mu Burundi batumije imiduga hanze bamaze ukwezi kurenga barindiriye mu gihe imiduga yabo ikiboheye i Dar es Salaam.

Ngo abashoferi bari barungitse kuyitora bari mu kubura ikibatunga kuko bagiye baziga kuhamara indwi imwe gusa.

Ibi bintu bidasanzwe gushika ubu ntibiratangirwa insiguro n'abajejwe intwaro, yaba ku ruhande rwa Tanzania canke rw'u Burundi.

Ariko hari abibaza ko kwoba ari kubera u Burundi buriko burabuza ko hinjira imiduga ifise ibigendesho i buryo, ivyo ariko bikaba biraba imiduga itwara abantu gusa.

Abandi nabo bibaza yuko vyoba biterwa n'uko uburyo bwo gukora ku kivuko ca Dar es Salaam bwahindutse, bikaba rero biteba gukura imiduga mu kivuko.