Abagotewe mu kuzimu muri Chile barokowe

Abakozi mu kirombwe baheze mu kuzimu
Image caption Abakozi bo mu kirombwe ca San Jose aho bari baheze mu kuzimu

17 mu bakozi 30 bo mu kirombwe bari baheze mu kuzimu mu gihugu ca Chile baramaze gukurwayo nyuma y'amezi abiri bari bamaze batabona umuco.

Abo bakozi baza baraduzwa umwe umwe mu kirombwe ca San Jose, bakaramutswa n'isinzi ry'abantu babuha impundu.

Umukuru w'igihugu wa Chile, Sebastian Piñera, hamwe n'umukuru w'igihugu wa Bolivie, Evo Morales, baramukije abo bantu.

Umwe muri bo, Carlos Mamani yamuka muri Bolivie, ashobora kuza gutahukana na Prezida Morales.

Bwana Morales yashimiye umuku wa Chile hamwe n'abanyagihugu b'ico gihugu ku kigoro bagize mu gutabara abo bantu.

Ico gikorwa cagenze neza kuburyo gishobora guherahezwa mu masaha ari munsi ya 48 nk'uko vyari vyategekanijwe.