General Bosco Ntaganda ahakana ivyo yagirizwa na Human Rights Watch

General Bosco Ntaganda
Image caption General Bosco Ntaganda

General Bosco Ntaganda yahaye ikiganiro BBC ahakana ivyagirizi vya Human Rights Watch vy'uko yicishije bamwe mu bari begereye Laurent Nkunda agitwara CNDP.

Iryo shirahamwe ry'agateka ka zina muntu ryasohoye itangazo ejo rihamagarira leta ya Kongo gufata uwo musirikare kuko ngo abangamiye umutekano mu buseruko bwa Kongo.

Human Rights Watch ivuga yuko ifise ivyemeza simusiga vy'uko General Ntaganda yategetse ko hicwa Lt. Col. Antoine Baribuno yiciwe i Goma itariki 14 z'ukw'icenda.

Uwo mu General kandi ngo yicishije Denis Ntare Semadwinga, yiciwe ku Gisenyi mu Rwanda itariki 20 z'ukwa gatandatu.

Mw'itangazo rya Human Rights Watch, iryo shirahamwe rivuga yuko abo babiri ari akarorero gusa gatanzwe, ngo kuko rifise n'ivyemeza ko General Ntaganda yicishije abandi umunani.

Ngo abo bose abahora kuba bamurwanya mu gihe bari begeranye na General Laurent Nkuda apfungiwe mu Rwanda.

General Bosco Ntaganda wewe avuga yuko ivyo bidatangaje kuba bivugwa na Human Rights Watch, kuko ngo irangwa no gukwiragiza impuha.

Uwo musirikare asanzwe aronderwa na sentare mpanavyaha mpuzamakungu kubera icaha co kwinjiza abana mu gisirikare mu ntamabara zo muri Kongo

Leta ya Kongo ibajijwe igituma idafata General Ntaganda, yishura yuko igihambaye kandi bashira imbere ari ukubungabunga amahoro.