Victoire Ingabire ngo afashwe nabi

Umukuru wa FDU Inkingi Victoire Ingabire
Image caption Victoire Ingabire

Victorie Ingabire uno munsi yitavye ibiro vy'ubushinjacaha ubwa mbere nyuma y'aho afatiwe kuwa Kane w'indwi iheze.

Umuhari FDU Inkingi uvuga ko umukuru wabo, Victoire Ingabire, afashwe nabi aho apfungiwe mu gihe arindiriye urubanza, ngo akaba arara apfunze amapingu.

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa FDU Inkingi, Sylvain Sibomana, yabariye BBC ko umupfasoni Ingabire yaje yambaye ayo amapingu igihe yitaba.

Sylvain Sibomana kandi yavuze yuko bafise amakuru yizewe, abamenyesha ko Victoire Ingabire ngo arazwa hasi kw'isima.

Ngo ivyo kurya bamugemurira vyose barabibasubiza, bigatuma bibaza nimba abasha gufungura.

Victoire Ingabire yafashwe ku wa kane itariki 14 z'ukw'icumi, yagirizwa gushaka kurema umugwi w'iterabwoba.

Igipolisi c'u Rwanda cavuze yuko uwusanzwe apfunzwe, Major Vitar Uwumuremyi, ngo yahora muri FDLR, yemeje ko yariko arakorana na Victoire mu gushinga uwo mugwi.

Ngo ivyo vyahaye ivyemeza bikwiye kugira bafate umupfasoni Ingabire.

Mu kiganiro wahaye BBC ariko, umuhari FDLR uvuga ko uwo Major Uwumuremyi atigeze aba mu basirikare bawo.