Mu Bufaransa inama nkenguzamateka irihweza itegeko rya pansiyo

Abigaragamvya kubera kwongera imyaka ya pansiyo mu Bufaransa
Image caption Abigaragamvya kubera kwongera imyaka ya pansiyo mu Bufaransa

Inama nkenguzamateka y'u Bufaransa yatanguye kuganira kw'itegekego ritakunzwe ryerekeye kwongereza imyaka yo gukuruka kuva kuri 60 ikaja kuri 62.

Abatavuga rumwe na leta bateguye amajana y'imirongo y'iryo tegeko ingomba gusubirwamwo, ariko kugira ntibate umwanya, haraba itora rimwe gusa hako botoye umurongo umwe umwe.

Amashirahamwe y'abakozi mu Bufaransa yamenyesheje ko azogira yegereyegere iyindi minsi ibiri, kare abapolisi bakaba bakoresheje inguvu mu gushwiragiza abari bazibiye ibitoro bija ku kibuga c'indege gikuru ca Paris.

Umwe mubakora mu mashirahamwe ahingura ibitoro yavuze ko ata bwoba na butoyi bw'uko u Bufaransa bwohura n'ikibazo c'ibitoro.

Iyo myigaragamvyo imaze indwi irenga gatoyi, yarahungabanije ibitari bike mu buzima busanzwe bw'igihugu mu miji mikuru mikuru nka Paris na Marseille.

Amashure yarugawe, ingendo z'indege zirasiba, urwaruka ruturira imiduka runatana mu mitwe n'abapolisi.

Kubera abakozi bo mu mahinguriro y'ibitoro bamaze igihe bahagaritse akazi, igitoro carakeshe mu miji, imirongo ikaba miremire ku buguriro bwavyo.

Leta yo Prezida Nicholas Sarkozy ishaka kwongereza imyaka yo gukukuruka mu kazi, ikaba nk'imwe mu nzira zo gukemura ikibazo c'amadeni u Bufaransa bufise.