Olucome itunga urutoke umushikiranganji w'imigenderanire

Ibitoro vyagurishijwe bidaciye mu mategeko
Image caption Olucome ivuga ko ibitoro vyagurishijwe bidaciye mu mategeko

Umukuru wa Olucome, Gabriel Rufyiri, avuga yuko ubushikiranganji bw'imigenderaniro ataribwo bujejwe ivyo kudandaza ivya leta.

Ngo umushikiranganji Augustin Nsanze yahaye isoko ry'ibitoro vyari vyatanzwe nk'imfashanyo, abiha ishirahamwe ryo mu Burundi ku giciro gitoyi.

Kandi ngo inzego zose zagomba kugenzura ivyo bitoro, zatangajwe n'uko vyatanzwe zitagishijwe inama, zisohora itangazo zisaba ko bihagarikwa.

Olucome ivuga yuko ivyo kudandaza ivya leta bigirwa n'ubushikiranganji bw'ubudandaji, nayo amahera akabikwa mu kigega ca leta.

Ngo kuba rero izo ntambwe zose zitarakurikijwe, ngo biragaragara ko harimwo ibintu vy'igiturire mu buryo ivyo bitoro vyatanzwe.

BBC iracagerageza kumenya ico bwana Nsanze avuga kuri ivyo aregwa, gushika ubu bikaba bitaradukundira.

Ikiganiro kirambuye n'umukuru wa Olucome ni mu makuru ya 1630 yo ku wa 25/10/10