I Bujumbura haraye humvukanye amasasu menshi

Abasirikare ba leta y'u Burundi mu Rukoko
Image caption Abasirikare ba leta y'u Burundi mu marondo mu Rukoko

I Bujumbura haraye humvikanye amasasu atari make mu ma quartier ya Mutanga no muri commune Musaga.

Ababa ku Mutanga Nord bavuga ko bumvise amasasu azanana mu ruzi Ntahangwa, bamwe bakavuga ko abateye barondera urugo rw’umukuru w’ibiro vy’igendereza general major Adolphe Nshimirimana.

Mbere umwe mu bapolisi bacungera urugo rwiwe yoba yarakomeretse muri ico gitero cabaye isaha zitandatu z’ijoro.

Ikindi gitero cabaye nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro kw’i babarabara rya mbere ku Musaga, ahatewe urugo rw’umukecuru arenza imyaka 80.

Abateye baje basaba amafaranga, bayabuze bagenda batwaye abana b’abakobwa babiri bahaba, bagaruka buri mu guca bakorewe ivya mfura mbi.

Umupolisi yariko arakizura aho hantu mu kazi ka minsi yose yararashwe mu nyuma aruhira gupfa.

Uruhagarara rurimwo ukurasana hamwe n'ubusahuzi rumaze iminsi rurangwa hirya no hino mu Burundi, impuha zibiherekeje nazo zikaba nyinshi.

Hari abavuga yuko woba ari umugwi mushasha w'abitwaje ibirwanisho wavutse, ufashwe mu mugongo n'abanye politike baheruka guhunga.

Abajejwe intwaro ariko bobo bavuga ko mu gihe atawuriyitirira ivyo bitero, ngo babifata nk'ubugizi bwa nabi hakoreshejwe ibirwanisho.