Kenya: Umukuru w'umugwi w'ubwiyunge yatanze imihoho

Akaguma k'inyuma y'amatora muri Kenya
Image caption Akaguma k'inyuma y'amatora muri Kenya

Umukuru w'umugwi w'ubwiyunge no kurekuriranira muri Kenya, Bethuel Kiplagat, yatanze imihoho uno munsi mu gihe vyavugwa ko adakwiye ayo mabanda.

Uwo mugabo yari arongoye umurwi usabwa kuraba amabi yose igihugu caciyemwo kuva cikukira mu mwaka w’i 1963.

Avugwa ko adakwiye kurongora umurwi usabwa kunywanisha abanye Kenya kubera ko bikekwa ko yoba yagize uruhara mu mabi yo guhohotera ikiremwa muntu yakozwe ku ntwaro ya prezida Daniel Arap Moi.

Uwo mugwi washinzwe ico gikorwa nyuma yaho akaguma kakurikiye amatora yo mu 2007, yahitanye abantu barenga igihumbi muri Kenya.

Leta y'ico gihugu gushika ubu ntirashobora kwumvikana na sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ishaka gukurikirana abakwezi ayo mabi.

Kenya ivuga yuko sentare yihariye izoshingwa mu gihugu ishobora gucira imanza abakekwa kugira ururaha muri ubwo bwicanyi.

Ariko sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ntiyizera ko abakuru bakekwa bashobora gukubitwa intahe, ikavuga ko ishobora gusohora imitahe yo kubafata ikabikurikiranira.