Callixte Mbarushima azojanwa i La Haye

Callixte Mbarushimana
Image caption Callixte Mbarushimana

Sentare yunguruza imanza ya Paris yafashe ingingo y'uko umunyamabanga nshingwabikorwa wa FDLR arungikwa kuri sentare mpunzamakungu mpanavyaha y'i La Haye.

Uwumuburanira, Maitre Philippe Graciano, yavuze ko bagiye kwunguruza urubanza muri gasambura manza ya sentare ntahinyuzwa y'i Paris.

Ngo dosiye y'urubanza rwa bwana Mbarushimana ifise vyinshi bibura, kuko ngo umushinjacaha wa nsetare y'i La Haye atatomoye neza ivyo uwo mugabo ashinjwa.

Ngo kandi ntibigaragara neza nimba agateka kiwe kazubahirizwa, ngo ntaho vyemejwe ko atazorungikwa mu Rwanda, Maitre Graciano avuga ko ata cemeza cerekana ko bitogirwa.

Vyongeye ngo bwana Mbarushimana ni impunzi ya politike ifise uburenganzira, ngo rero Ubufaransa ntibushobora kumutanga, kandi imbere y'amategeko akiri umwere.

Callixte Mbarushimana yafashwe n'ubutungane bw'Ubufaransa ku mutahwe we sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye mu Buholandi.

Yagirizwa ivyaha vyo gufata abagore ku nguvu no guhohotera ikiremwa mpuntu muri rusangi, bivugwa ko vyakozwe n'abasirikare ba FDLR mu buseruko bwa Kongo.