Rwanda: Ubushinjacaha buvuga ko Victoire Ingabire yubatse indake muhira

Ikinogo casanzwe muhira kwa madame Ingabire
Image caption Ikinogo casanzwe muhira kwa madame Ingabire

Ubushinjacaha bw'u Rwanda buvuga ko umukuru wa FDU Inkingi yubatse indake y'abasirikare mu hira iwe.

Ku munsi w'ejo ubushinjacaha bw'u Rwanda bwagiye gusaka muhira kwa Victoire Ingabire bugiye kuraba iyo ndake.

Ngo basanze hari ikinogo gifise ubunini bw'imetero zitanu kuri zibiri, kiremye nk'indome "L".

Ngo cari gipfutse n'imbaho mu nyuma barenza ko ubwatsi, nk'uko indake yinyegezamwo abasirikare yubakwa.

Ariko umuhari FDU Inkingi wowo uvuga ko ico kinogo cubatswe kugira kize kigumya amazi y'imvura ntagire ivyo yonona.

Ngo ico kinogo cubatswe n'umuntu yahora ari umukozi wa madame Ingabire, uwo muntu nyene abaka ngo ari we yaje kwereka abaje gusaka aho ico kinogo kiri.

Umunyamabanga wa FDU Inkingi, Sylvain Sibomana, yabariye BBC ko uwo muntu yabanje gusaba amahera, ngo ataruko azotanga amabanga afise ya FDU Inkingi.

Bwana Sibomana yavuze kandi yuko uwo muntu mu kuronka akazi kwa madame Ingabire, yazanywe n'umwe mu bagiriza ivyaha Victoire Ingabire, ku buryo bibaza ko vyoba ari ibintu vyateguwe.

Ariko ubushinjacaha bw'u Rwanda buvuga yuko ivyo ataco bivuze, kuko ngo mu gihe ivyo barondera basanze ari ukuri ngo uburyo babironderamwo bushobora kuba ubwo ari bwo bwose.

Madame Victoire Ingabire apfunzwe yagirizwa kurema umutwe w'abitwaje ibirwanisho ugamije guhungabanye umutekano w'u Rwanda.