Abahoze muri FNL bafatiwe muri Kongo

Abarwanyi muri Kongo
Image caption Abarwanyi muri Kongo

Major Jean Marie Vianney Kazarama, umuvugizi w'igisirikare ca Kongo muri Sud Kivu, yabariye BBC ko bafashe abarwanyi bane bavuga ko bahoze muri FLN yarwanya leta y'u Burundi.

Ngo bari bagiye kurondera ibibatunga ahitwa Kiliba mu mpera z'iyo ndwi iheze, babiri muri bo bafashwe, abandi bashaka kubarekuza ku nguvu barasana n'abasirikare ba Kongo, hakomereka abanyagihugu babiri.

Major Kazarama yavuze yuko babakurikiranye bagahungira ku ruhande rw'u Burundi, ariko bafatamwo bane, bakaba ari bo bababwiye ko bahora mu gisirikare ca FNL.

Mu gihe mu Burundi hari impuha z'uko hoba hari umugwi w'abarwanyi uriko uravuka ushaka kurwanya leta, Major Kazarama yavuze ko atobimenya kuko biraba Ababrundi.

Gusa yavuze yuko ngo badashobora kwemerera uwo wese yoshaka guhungabanya umutekano mu Burundi aciye muri Kongo.

Abo bane bafashe, ngo leta y'u Burundi niyabakenera bazoyibashikiriza, atari uko naho ngo bazobashira imbere ya sentare y'igisirikare ca Kongo, kuko ngo bafatanywe ibirwanisho.