Kenya: William Ruto yavuze ko ICC yahenzwe

William Ruto
Image caption William Ruto

Uwahoze ari umushikiranganji muri leta ya Kenya, William Ruto, yavuze yuko ishirahanwe ry'agateka ka zina muntu muri Kenya ryahenze ICC.

Ngo iryoshirahamwe ryahaye amakuru atariyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku vyerekeye uruhara yoba yaragize mu bwicanyi bwakurikiye amatora mu 2008.

Bwana Ruto ivyo yabivugiye muri Kenya, avuye i La Haye aho yari yagiye kubonana n'umushinjacaha mukuru w'iyo sentare ngo umwibwirire uko vyagenze.

Bwana Ruto yavuze yuko umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, wagize amatohoza kuri ubwo bwicanyi, ngo utamuhaye umwanya wo kwisigura.

Uwo mugwi ariko wowo uvuga yuko waronse inyishu ya bwana Ruto.