BBC: Umu General wo muri Kongo mu bikorwa vyo kwimba ubutare

Abasirikare ba Kongo mu myimenyerezo
Image caption Abasirikare ba Kongo

BBC yabonye ivyemeza vyerekana ko umu General w'igisirikare ca Kongo yakoresheje inguvu z'igisirikare mu gufasha ihinguriro kuronka ikirombwe cimbwamwo inzahabu.

Uwo musirikare mu gufasha iryo shirahamwe ryamwemereye ko inzahabu zose zizokwimbwa azoronka ku nyungu izoba yavuyemwo.

Umunyamakuru wa BBC yasanze General Gabriel Amisi Kumba, umukuru w'igisirikare kirwanira hasi, yarategetse ko hirukanwa ihinguriro Socagrimine mu kirombwe ca Omate mu buseruko bwa Kongo, kigahabwa ishirahamwe ryitwa Geminaco.

Hari ivyemeza y'uko yagiranye amasezerano na Geminaco, nayo ikamwemerera kumuha ibice 25% ku nyungu ivuye mu nzahabu bazoja barimba.

Umukuru wa Geminaco yahakanye avuga ko ata masezerano bigeze bagirana na General Amisi, ananka kwishura ku bibazo vyerekeye ico kirombwe.