Mu Burundi batoye umuhuza, Ombudsman

Mu Burundi kuri uyu wa gatanu ni ho inama nshingamateka yatora umuhuza bise Ombudsman nk'uko vyategekanywa n'amategeko.

Ombudsman mushasha w'u Burundu ni Cheikh Mohamed Rukara akaba yatowe ku majwi 84 ku bashingamateka 84 batoye.

Ariko abo mu mugambwe UPRONA bari basohotse, binubira ko Muhamed Rukara ari mu mugambwe uri ku butegetsi kandi afise n'amabanga akomeye muri uwo mugambwe.

UPRONA ivuga ko ivyo bitabereye kuko amategeko asaba ko Ombudsman aba ataho yegamiye na hamwe.

Uwo mugambwe uvuga ko utemera Ombudsman yatowe ngo kuko abo muri Uprona batamutoye.

Umukuru w'umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi ariko wewe yavuze yuko kuba ari mu mugambwe ata kibazo, kuko ngo na Prezida ava muri CNDD FDD ntibimubuze kuba umuhuza wa bose.

Abandi bahiganirwa ico kibanza ni Sylvestre Ntibantunganya yahora atwara u Burundi na Sylvie Kinigi yigeze kuba icegera c'umukuru w'igihugu ku ntwaro ya Ndadaye.

Hari kandi na Fulgence Dwima Bakana yigeze kuba kizigenza wa Republika hamwe n'umushikiranganji w'ubutungane hamwe na Emile Mworoha, umushakashatsi muri kahise akanaba umwigisha muri kaminuza y'u Burundi.