U Burundi buvuga ko HRW yabogamye mu cegeranyo cayo

U Burundi buvugako HRW ibesha
Image caption Leta y'u Burundi ntiyemeranya na Human Rights Watch

Ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu Human Rights Watch rivuga ko leta y'u Burundi igenda iraniga ukwishira n'ukwiza mu gihugu.

Iryo shirahamwe rifise icicaro i New York rivuga ko abajejwe intwaro mu Burundi bakubaguye, bagapfunga, bakanahohotera abo bitavuga rumwe hamwe n'abanyamakuru.

Human Rights Watch ivuga yuko amajana y'abatavuga rumwe na leta bapfunzwe mu gihe c'amatora aheruka, kandi ngo bamwe muri bo barahohotewe.

Iryo shirahamwe rivuga yuko iterabwoba ryabandanije nyuma y'amatora aheruka, kandi ngo ibiziga bishika kw'18 vyaratowe mu ruzi ruri mu muji wa Bujumbura.

Leta y'u Burundi ariko ivuga ko ayo makuru iryo shirahamwe ritanga atatohojwe neza, kuko ngo ata wuriserukira rifise mu Burundi.

Ngo abo rivuga muri ico cegeranyo ko bapfunzwe, ntiritomora ngo rivuge ico bapfungiwe, kandi ngo ico cegeranyo kirimwo vyinshi bitari ukuri.