Ibitero vy'abitwaje ibirwanisho birabandanya mu Burundi

Abasirikare b'u Burundi mu bikorwa vya gisirikare
Image caption Abasirikare b'u Burundi mu bikorwa vya gisirikare

Umuvugizi w'igisirikare c'u Burundi yabariye BBC ko abantu batanu bitwaje ibirwanisho bakozanijeko n'abajejwe umutekano i Makamba mu bumanuko bw'igihugu.

Colonel Gaspard Baratuza yavuze ko abo bantu bazananye muri Komine Vugizo i Makamba, urora i Rukambasi muri province ya Bururi.

Abo bantu batanu bari bafise inkoho zibiri, batangiriwe n'abajejwe umutekano baca bararasana hapfamwo babiri, abandi babiri barafatwa umwe nawe arabasiga.

Colonel Baratuza yavuze yuko umwe muri abo bafashwe yahoze ari umupolisi, akaba yaheruka gutoraka agenda atwaye inkoho.

Mu gihe hagwiriye amakuru y'uko hoba hari umugwi uriko uravuka ugamije kurwanya leta y'u Burundi, umuvugizi w'igisirikare yavuze ko abo bateye ata kundi yobita kiretse abagizi ba nabi.