Cote d'Ivoire iramutswa abakuru b'igihugu babiri!!

Abakunzi ba Prezida Laurent Gbagbo
Image caption Abakunzi ba Prezida Laurent Gbagbo

Umukuru w'igihgu wa Botswana, Khama Ian Khama, yahamagariye abakuru b'ibihugu bose bo muri Afrika kwiyamiriza ibiriko birabera muri Cote d'Ivoire.

Muri ico gihugu, abagabo babiri, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alassane Ouattara n'uwari umukuru w'igihugu Laurent Gbadbo, bose bavuga ko ari abakuru b'igihugu nyuma y'amatora yo kuwa mungu.

Aho yavugira kuri BBC, bwana Khama yasavye umukuru w'igihugu wa Cote d'Ivoire gutanga imihoho, avuga ko bigaragara ko ubwinshi bw'abantu batoye uwo bahiganwa, bwana Ouattara.

Prezida Khama yavuze ko bidashobora kwemerwa ko haba gusangira ubutegetsi muri Cote d'Ivoire, nk'uko vyagenze muri Kenya na Zimbabwe, aho abakuru b'igihugu bariho banse kwemera ko batshinzwe.