Kirundo: Umuntu yari yarapfuye yasubiye kuboneka

Itongo ry'abapfuye
Image caption Itongo ry'abapfuye

Mu ntara ya Kirundo mu Burundi umwigisha yari yaritavye Imana agapfubwa yarasubiye kuboneka nyuma y'imyaka ishika hafi itatu.

Jacqueline Mukandutiye, umwarimu w'amashure y'intango mu Kirundo bivugwa ko yitavye Imana mu 2008 arapfubwa.

Ivyo vyemezwa n'umugabo wiwe, nyina, abarimu bakorana hamwe n'abanyeshure, abo bose bakaba bari mu maziko yiwe.

Kuwa gatanu w'indwi iheze, abajejwe intwaro muri komine Bwambarangwe mu ntara ya Kirundo, babwiwe n'abanyagihu ko hari umuntu asa nk'uwudakomeye ariko ariyerereza.

Bagiye kuraba basanze ari umupfasoni asa nk'uwudakomeye mu mutwe, arya ivyatsi, ariko arayerera ku rubibe rwa komine Bwambarangwe na Gitobe.

Musitanteri wa Bwambarangwe, Jean Marie Muhirwa, yabariye BBC ko baciye bamuzana ku biro vya komine kumucungereraho.

Umuryango wa Jacqueline waramumenye

Umuryango wiwe uje kumuraba, waremeje ko ari we, kandi nawe ngo ababonye yarabaye nk'uwuhindutse, bamweretse umuhungu wiwe yasize afise umwaka, Jacqueline yaciye avuga ati: "Nzanira Levis wanje".

Umugabo wa Jacqueline, Oswald Karenzo, yaramwihweje neza hose yemeza ko ari we, nyina wiwe nawe avuga ko adashobora kwibagira umwana yivyariye.

Bose kandi ngo bemeje ko bari baramupfuvye mu 2008, bakaba badategera ingene yoba agarutse.

Abajijwe nimba batibaza ko yoba ari umuzimu, musitanteri Jean Marie Muhirwa yavuze ko ivyo atobimenya, ariko ahamagarira abasenga ngo barabe ko hari ico bofasha.

Jacqueline Mukandutiye aramaze gusuzumwa n'abaganga babiri, basanga umutima uratera bisanzwe, kandi ngo afise amaraso akwiye.

Gushika ubu ariko ntibiramenyekana aho uwo mupfasoni yari ari muri ico kiringo cose, nyuma yo gushingurwa mw'itongo ry'abapfuye mu 2008.

Abajejwe intwaro bavuga ko bakiriko barakora matohoza kugira bamenye neza aho uwo mupfasoni yari ari ico gihe cose.