CPJ: Jean Claude Kavumbagu ashobora kurekurwa

Jean Claude Kavumbagu
Image caption Jean Claude Kavumbagu

Mu Burundi, Intumwa z’ishirahamwe ryo muri Amerika ryo gukingira abamenyeshamakuru, CPJ, ryizigiye ko umunyamakuru Jean Claude Kavumbagu agiye kurekurwa.

Jean Claude Kavumbagu arongoye ikinyamakuru NetPress, yari amaze amezi atandatu mw’ibohero yagirizwa guhemukira igihugu.

Babiri mu barongoye iryo shirahamwe bari bamaze iminsi mu Burundi babonana n’abategetsi kugira babumvishe ko Kavumbagu ategerezwa kurekurwa n’imiburiburi akaburana yidegemvya.

Izo ntumwa za CPJ zari simaze iminsi hano zari zigizwe na Robert Mahoney icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe hamwe na Tom Rdodes ajejwe ibikorwa vy’iryo shirahamwe muri Afrika.

Imibonana n'abategetsi

Baragiye kuramutsa Jean Claude Kavumbagu mw'ibohero, hanyuma barabonana n’abategetsi b’u Burundi batari bake harimwo n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terence Singuruza, bakaba bibaza ko ubutumwa bwabo bwatahuwe.

Icegera c’umuyobozi wa CPJ avuga ko n’umushikirizamanza wa republika yemeye ko Jean Claude Kavumbagu yapfunzwe n’ingingo ikora iyo igihugu kiri mu ngwano, muri iki gihe naho u Burundi bukaba butari mu ngwano.

Yahowe kunegura inzego zijejwe umutekano mu Burundi avuga ko inyifato yazo yotuma zidashobora gukingira igihugu hamwe coterwa na za ntagondwa zo muri Somalia nk’uko zagabishije.

Jean Claude Kavumbagu, arongoye itororokanirizo ry’amakuru ryo kuri Internet NetPress, ari mu bamenyeshamakuru 23 bafunzwe muri Africa.