Ihuriro nyarwanda ryavukiye muri Amerika

Igihugu c'Urwanda
Image caption Igihugu c'Urwanda

Ihuriro nyarwanda, The Rwanda National Congress, rirongowe vy'agategateganyonyo na Dr Theogene Rudasingwa, ryipfuza kugarukana ukwishira n'ukwizana mu Rwanda.

Abashinze iryo huriro bavuga ko atari umugambwe, ariko ko imigambwe ishobora kwifatanya na ryo mu kugondoza reka y'Urwanda ngo ireke kwica no kwangaza abanyagihugu.

Uwurongoye iryo huriro vy'agateganyo, Dr Theogene Rudasingwa, avuga ko haheze imyaka mirongo itanu abanyarwanda batagira ayo bacira n'ayo bamira. Avuga ko kuva ku ntwaro ya Prezida Kayibanda Gregoire, ari ubwa mbere mu Rwanda habonetse ubutegetsi bwica abanyagihugu bubasanze n'iyo bahungiye.

Umunyarwanda wese, aba hanze y'igihugu canke mu Rwanda, ngo arafise uburenganzira bwo kuja muri iryo huriro, mu misi ya vuba ngo hakaba ari ho hazotorwa abarongozi baryo.

Ku ruhande rwa reta y'Urwanda, uwushinzwe imigambwe muri ico gihugu, James Musoni avuga ko iryo huriro ari iryo abahunze ubucamanza bw'Urwanda, bashaka gusamaza amakungu.