Igipolisi casatse inzu ya Victoire Ingabire mu Buhollande

Ingabire Victoire
Image caption Ingabire Victoire

Igipolisi c'Ubuhollande casatse inzu ya Victoire Ingabire, umukuru w'umugambwe FDU-INKINGI, utavuga rumwe na reta y'Urwanda, ubu ari mw'ibohero.

Mu gitondo ca kare co kuri uyu wa mbere, umugabo wa Victoire Ingabire, Lin Muyizere, yumvise abantu badodora, asanga n'abapolisi baje kumusaka.

Bamusavye kuvyura abari mu nzu bose, babicarika mu ntebe ku buryo ata n'umwe yasubiye mu cumba adaherejwe n'abo bapolisi.

Bahavuye batwaye ibintu vyinshi, na we nyene ataramenya neza, birimwo impapuro na ordinateur, basiga bamubwiye ko bagiye kuvyandika vyose bazobimusubiza inyuma y'imisi ibiri.

Umugabo wa Victoire Ingabire, Lin Muyizere, avuga kandi ko ata rupapuro rwo gusaka bamweretse, ivyo bikaba vyatumye asaba umunshingwamanza wiwe gukurikirana ivyerekeye iryo sakwa.

Ku ruhande rwa reta y'Urwanda, Martin Ngoga, umushikirizamanza mukuru wa republika yavuze ko atari bo basavye iryo sakwa, ariko ko basavye gufashanya n'igihugu c'Ubuhollande mw'iperereza mu rubanza rwa Victoire Ingabire.