Grenade mw'ibisi i Nairobi yatewe n'umunye Tanzania

Ibisi yateweko grenade i Nairobi
Image caption Ibisi yateweko grenade i Nairobi

Igipolisi ca Kenya kivuga ko igisasu caturikiye mw'ibisi ejo ku mugoroba kigahitana abantu batatu, yari grenade yari ifiswe n'umuntu avuye Tanzania.

Umukuru w'igipolisi ca Kenya yavuze yuko uwo mugabo yariko aragerageza kwurira iyo bisi yari igiye muri Uganda bahangana nawe.

Vyatumye aca ahungabana aca akorora iyo grenade nayo ica iraturika.

Umukuru w'igihuhu wa Kenya, Mwai Kibaki, yavuze ko ivyakozwe n'uwo mugabo ari ububisha burengeye urugero.

Umutekano wongerejwe gucungerwa muri Kenya co kimwe no muri Uganda.

Kugabisha

Ku munsi w'ejo umuvugizi w'igisirikare ca Uganda yabariye BBC ko hari amakuru avuga ko Al Shabab irwanya leta ya Somalia, ishaka kugaba ibitero muri Uganda muri kino gihe c'iminsi mikuru yo guheza umwaka.

Abarwanyi ba Al Shabab baragabishije ko bazogaba ibitero mu Burundi no muri Uganda, kubera ko ivyo bihugu bifise abasirikare muri Somalia.

Mu kwezi kw'indwi, ibisasu bibiri vyaraturikiye i Kampala ahantu hariko herekanwa inkino z'igikombe c'isi c'umupira w'amagaru hapfa abantu barenze 60.

Ico gihe umugwi Al Shabab wavuze ko ari wo wateguye ico gitero.