Abakora iterabwoba barafatiwe mu Burundi

Abagira iterabwoba bafatiwe i Bujumbura
Image caption Abagira iterabwoba bafatiwe i Bujumbura

Umushikiranganji ajejwe umutekano mu Burundi avuga ko hari abafashwe mu bijanye no kurereka ngo abarwanyi ba Al Shabab ntibatere u Burundi.

Umushikiranganji Alain Guillaume Bunyoni, yabariye abamenyeshamakuru i Bujumbura ko hari abafashwe bagaca barungikwa mu bihugu baronderwamwo.

Naho atavuze uko bangana canke iyo baturuka, ngo bari basanzwe bari ku ntonde z'abaronderwa kubera iterabwoba, bakaba rero barafatiwe mu Burundi.

Ico gihugu caragabishijwe n'umugwi w'intagondwa z'aba Islam urwanya leta ya Somalia, zivuga ko zizotera u Burundi kubera bufise ingabo muri Somalia.

Bwana Bunyoni yanavuze ko Abarundi bategerezwa kwiyubara bakaraba ko ata bantu batari basanzwe babona bahiyerereza.

Ibitero mu yindi miji

Mw'ijoro ryo ku wa mbere ibisi yagomba ifate urugendo ija i Kampala, yaraturikiyemwo igisasu ca grenade gihitana abantu batatu.

I Kampala mu kwezi kw'indwi, haraturikiye ibisasu bibiri bihitana abantu barenga 60 bariko baraba umupira w'amaguru kuri television.

Uganda isangiye n'u Burundi igikorwa co guhagararira amahoro muri Somalia, iramaze guhagurukira gucungera umutekano bimwe bikomeye mu gihe Al Shabab yamenyesheje ko izotera ico gihugu mu minsi mikuru yo guheza umwaka.