Umwumvikano muke mu mugambwe Uprona

Ikarata y'Uburundi
Image caption Ikarata y'Uburundi

Bamwe mu bayoboke b'umugambwe Uprona baragiriza umukuru w'awo Bonaventure Niyoyankana ko awutwara nabi

Abo badashima uko umugambwe urongowe muri kino gihe bavuga ko ingingo zifatwa hatagishijwe inama, mbere ngo n'ikibazo c'amatora aheruka ntibacicariye bikwiye.

Bonaventure Niyoyankana arongoye umugambwe Uprona muri kino gihe avuga ko babesha ngo kuko ingingo zose zifatirwa mu nzego zibishinzwe.

Aremeza kandi ko no mu misi ya vuba agiye agiye gutumako inama nk'uko abo batavuga rumwe bavyipfuza ngo kuko ntatinya impari.

Mu matora aheruka, umugambwe Uprona waranebaguye uko yagenze ariko wo ushima kubandanya kuyagiramwo uruhara, mbere ukaba userukiwe haba muri reta canke mu nama nshingamateka.