U Rwanda rushima itangwa rya Mbarushimana muri ICC

Callixte Mbarushimana
Image caption Callixte Mbarushimana

Umushikiranganji ajejwe ubutungane mu Rwanda, Tharcisse Karugarama yavuze ko banezerejwe n'ingingo ya sentare y'Ubufaransa yo kurungika Callixte Mbarusimana muri ICC.

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa FDLR, Callixte Mbarushimana, yahora aba mu Bufaransa, yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara vyakorewe muri Kongo-Kinshasa mu 2009.

Leta y'u Rwanda kandi yagiriza bwana Mbarushimana kuba yaragize uruhara mw'itsembabwoko ryo mu 1994, ikaba kandi yarifuje kumucira urubanza mu Rwanda.

Umushiranganji Karugarama yavuze ko bizera ko impera n'imperuka u Rwanda ruzobona bwana Mbarushimana rukamucira urubanza.

Yanavuze yuko ibi bikwiye kubera akarorero n'abandi bose bibaza ko bacitse ubutungane.

Callixte Mbarushimana, agiye kuba umutu wa mbere afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa, arungitswe n'ico gihugu gucibwa urubanza na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.