Padiri Emile Nsengiyumva yarengutse imbere ya sentare

Urwanda
Image caption Urwanda

Padiri Emile Nsengiyumva wa paroisse Karange, mu ntara y'uburasirazuba, aregwa gushaka guhungabanya umutekano w'igihugu.

Mu gihe yariko arasoma misa, uwo mupadiri yavuze ko abakristu basambuye inzu z'abakene mu mugambi wa reta wo kurwanya nyakatsi ngo ari ibikarasha.

Ivyo ubutegetsi bwabifashe nko gushaka guhungabanya umutekano w'igihugu no kurwanya imigambi ya reta.

Padiri Emile Nsengiyumva we arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko yashatse kuvuga ko abakristu basamburira inzu abandi ataco birengeje, ata bukristu bwabo.

Ubu hariko harihweza nimba Padiri Nsengiyumva ashobora kuburana ataha, urubanza rukazobandanya kuri uyu wa gatanu.