Umuririmvyi Jean Christophe Matata yashinguwe

Imva y'umuririmvyi Jean Christophe Matata
Image caption Imva y'umuririmvyi Jean Christophe Matata

Mu Burundi uno munsi niho bikebanura umuririmvyi Jean Christophe Matata mu birori vyo kumushingura vyari vyitabwe n’abantu benshi bari baturutse mu mihingo yose y’isi.

Ubu aruhukiye mw’itongo ry’abapfuye ryo ku mpanda mu burengero bw’igisagara ca Bujumbura.

Uretse abanyagihugu isinzi bari baturutse mu Kinama na Kamenge aho yavukiye akongera agakurira, urwo rubanza rwari rwitabwe n’abaserukira leta y’u Burundi, n’ingoma y’Ubibiligi ubona ko yari asanganywe ubwenegihugu bw’ivyo bihugu uko ari bibiri.

Uwuhagarariye ububiligi mu Burundi, Joseph Smets, yavuze ko mbere Jean Christophe Matata yari akwiye kwitwa izina rya ambassadeur, ngo kuko yamenyekanishije u Burundi abicishije mu muziki wiwe.

Uwaserukiye leta y’u Burundi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati Edouard Nduwimana, yifuje ko abantu boha icubahiro n’agateka Matata akwiye mu kugendera impanuro ziri mu ndirimbo yacuraranze.

Bwabaye ubwa mbere umuririmvyi w’umurundi asezeranwa iteka nk’iryo, umurimvyi Jean Pierre Nimbona batazira Kidumu akaba yabishimiye igihugu n’abagitwara n’ikigumbagumba cinshi.

Abaririmvyi baraho basezeje Jean Christophe Matata n’akarimbo ka Bob Marley ngo yakunda cane, Songs of Freedom.