Komine Kanyosha ngo nta kibazo c'umutekano ifise

Abasirikare b'u Burundi
Image caption Abasirikare b'u Burundi

Mu Burundi muri komine ya Kanyosha mu ntara ya Bujumbura hamaze iminsi hari amakuru avuga yuko umutekano utifashe neza.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Edward Nduwimana, uno munsi yashitse mu Kanyosha ngo arabe uko vyifashe.

Bwana Nduwimana yabariye BBC ko amakuru yavuga ko abanyagihugu mu Kanyosha basigaye barara hanze kubera ubwoba ngo atariyo.

Yavuze yuko hari ibibazo mu bice bimwe bimwe vya Kanyosha, ariko ngo muri rusangi ibintu vyifashe neza.

Umushikiranganji Eduard Nduwimana yahakanye kandi amakuru y'uko hoba hari umugwi witwaje ibirwanisho woba uriko uravuga muri iyo ntara.