Mu Burundi baridogera Sylas Majyambere

Saga Resha mu bumanuko bw'u Burundi
Image caption Saga Resha mu bumanuko bw'u Burundi

Umugwizatunga aturuka mu Rwanda azwi cane mu karere, Silas Majyambere, aridogerwa n’ikigo kiraba abakerarugendo mu Burundi kuba atubahirije amasezerano.

Ngo ntiyasubiyemwo ibibanza bibiri vy’ingenzi i Bujumbura no mu Rumonge, nk'uko vyari vy'umvikanyweko, akaba yahawe ikiringo c’amezi abiri kugira abe yasubije ivyo bibazo.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umuyobozi w’igisata kijejwe abakerarugendo, Deo Ngendahayo, yavuze ko Silas Majyambere yakurikije bike cane mu vyo basezeranye haraheze imyaka ibiri.

Aho ngo harimwo gusubiramwo ikibanza bita Saga Resha mu Rumonge, ariko aho ho ngo aramaze gushikana 60 kw’ijana y’ivyo bumvikanye.

Aho Deo Ngendahayo avuga ko Silas Majambere yimonogoje mu kutubahiriza ivyo bumvikanye, ni ku kibanza citwa Cercle Nautique ku kiyaga Tanganyika mu gisagara ca Bujumbura.

Bwana Ngedahayo yavuze ko ivyo vyose Silas Majyambere yari yemeye ku mafaranga atari munsi y’imilioni zitanu z’ama dollars ariko ngo ubu nta n’umulioni yoba arasohora.

Uretse ivyo, Deo Ngendahayo yavuze ko ico kibanza Cercle Nautique ubu kiriko kirinjiza amafaranga Majambere yategerezwa gutangako bitanu kw’ijana akaja mu kigega ca leta, ariko ngo nta n’igiceri aratanga.