Impapuro z'umutsindo za Doctorat mu biyaga binini

Impapuro z'umutsindo za Doctorat zigiye gutangwa mu karere k'ibiyaga binini
Image caption Impapuro z'umutsindo za Doctorat zigiye gutangwa mu karere k'ibiyaga binini

Mu nama y’imisi yakoranije abarongoye za kaminuza n’abigisha bo mu karere k’ibiyaga binini, barabiye hamwe ingene ubumenyi butangwa muri ivyo bihungu.

Baravye kandi icokorwa kugira abanyeshure bahebe ingeso yo kuza barahera mu bihugu babarungitse kwigamwo.

Mu vyo bumvikanye, harimwo ko hokwihwezwa ingene muri buri gihugu hoba ishure ry’akarorero mu vyigwa ibi canke biriya, kugirango abigisha n’abanyeshure begwa n’ivyo vyigwa baja mu gihugu kimwe kibishoboye gusumba ibindi.

Gutyo ubumenyi bugatangwa n’ababinonosoye bavuye mu bihugu vyose, gushika batange n’urupapuro rw’umutsindo rwa Doctorat nk’uko Gustave Tombora yaserukiye Universite Libre de Kigali, akaba ari nawe cegera c’urunani rw’amakaminuza yo muri aka karere yabitubwiye.

Amakenga ku mpapuro za Doctorat

Ku makenga ko impapuro za Doctorat zotangirwa mu ma kaminuza yo mu karere k’ibiyaga binini zohava zitizerwa n’ibindi bihugu, Gustave Tombola avuga ko ivyo atari vyo, ngo kanatsinda n’abanyeshure bavuye muri ibi bihugu bagiye kwiga hanze, barabitora.

Ibihugu vy’u Burundi, u Rwanda na RDC co kimwe n’ibindi bihugu vya Afrika bisangiye ingorane y’uko iyo barungitse abanyeshure kwiga ku yindi migabane y’isi, kenshi ntibagaruka.

Mu gihe rero uwo mugambi bafashe woja mu ngiro, ngo vyotuma bigisha abanyeshure babo ku mahera make, kandi nabo bagakorera ibihugu vyabo biba vyabatangiye amahera menshi.