Ihinguriro rya mbere ry'isima mu Burundi

Isima Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Isima

Mu Burundi habonetse ihinguriro ry’isima mu gihe iyakoreshwa muri ico gihugu yose yahora iva mu bihugu vyo hanze.

Mu myaka nk’ibiri iryo hingiriro rishobora kuzoba rikora 50 kw’ijana y’isima uburundi bukenera ku mwaka ku mwaka.

Iryo hinguriro ryitwa Burundi Cement Company, BUCECO, riri mu ntara ya Cibitoke mu burengero bw’u Burundi, hafi y’urubibe rwa Congo n'u Rwanda.

Ku bw’umuyobozi mukuru waryo, Aime Mananda, inyuma y’ibikorwa vyo kuryubaka vyari bimaze imyaka itanu, imifuko ya mbere y’isima yatanguye gusohoka mu mpera z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka, ubu ikaba yarashitse kw’isoko.

Igiciro c'isima

Aime Mananda avuga ko iyo sima ikwije urugero rw’ubwiza rusabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ribiraba, ariko kinini abagura isima mu Burundi bari biteze kukaba aruko yozimbuka kubera ikorerwa mu Burundi.

Umuyobozi wa BUCECO yavuze ko igiciro cabo kiri munsi y’ikihasanzwe ku mafaranga ari hagati y’igihumbi n’ibihumbi bibiri.

Aime Mananda aremera ko ubwo budasa atari buni cane ariko ngo imvo nazo zirumvikana.

Iryo hinguriro rikoresha abantu 62 ngo ryatwaye umutahe wababa milioni 10 z’ama dollars, rikaba rikoresha abantu bake kuko riri ku buhinga bwa none aho vyinshi bikorwa n’imachini.

Rifise ubushobozi bwo gukora amatoni ibihumbi ijana y’isima ku mwaka, ariko mu ntango rikazohera ku matoni ibihumbi 30, rigende rirongereza umwimbu.

Abariyoboye bifuza ko ryoba ryashitse ku matoni ibihumbi 80 mu kiringo c’imyaka ibiri, umwimbu woba wababa ibice 50 kw’ijana vy’isima yose u Burundi bukoresha ku mwa ku mwaka muri iki gihe.

Iryo shirahamwe ry’isima ribaye rimwe mu mahinguriro make ashinzwe mu Burundi muri iyi myaka irenga 15 igihugu cari kimaze mu ntambara, ahubwo n’amwe mu yo cahorana akaba yarugaye.