Libya izomer'ite inyuma ya Gaddafi

colonel Muammar Gaddafi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Umuyobozi w'ikirenga wa Libya, colonel Muamar Gaddafii

Col Muammar Gaddafi yashizeho ubutegetsi bwa wenyene, aho ata kibanza namba yasize inyuma yiwe, y' umuryango wiwe na ba somambike biwe b' imparurwa.

Abenshi mu bo bacuditse baturuka mu muryango wiwe w' aba Qadhadhfa.

Ivya Libya birandukanye cane no muri Tuniziya canke Misri, aho imirwi yari kuyobora igihugu mu kiringo c' infatakibanza usanga ata n'ayabaho.

Ayo ni nk' imigambwe, amashirahamwe y' abakozi, abatavuga rumwe n' ubutegetsi canke amashirahamwe yigenga.

Mu bisanzwe nta nzego zitunganijwe ziboneka muri Libya, kuko "umuyobozi w' ikirenga " yakomeje kwikoranirizako ububasha bwose.

Ico cubahiro nico gituma colonel Gaddafi avuga kw' azorwana kugeza gupfa.

N' ubwo abamurwanya bakomeza gusugera, aracafise Tripoli, ari naho kirindiro gikomeye c' ububasha bwiwe.

Ariko n' aho akimase kur' uwo muji, ubushobozi bwo gutegeka busa n' aho atabwo agifise.

Ibikorwa vyiwe mur' iyi minsi iheze, vyatumye atakaza icizere cose, kandi bigaragara ko guhasha aabmwiyamiriza vyonyene bidashobora kumugumiza ku butegetsi.

Ibitero vyo kwihora

Ibi vyose bituma Libya ikomezakuba mu madidane.

Nta rwego canke umuntu aboneka abantu bashobora guhurizako, yosubiza ibintu mu buryo, kugirango igihugu ntikibure uwukiramutswa.

Birashoboka kw' abaserukira imyiryango canke amoko bashobora kuhigera, canke n' imiburiburi bagashaka gutegeka utuerer twabo.

Ariko kubera gukebana hagati y' iyo miryango kwaranze kahise ka Libya, biragoye kw' abantu nkabo bashobora guhuza abanyagihugu.

Eka n' ibirwanisho bimaze gukwiragira hirya no hino mu banyagihugu bariko biyamiriza ubutegetsi bwa Gaddafi, vyerekana ko ingimba arico kintu gishoboka cane, ntaco bifasha.

Ahubwo abantu banshi bibaza ko Libya igiye gushaya mu rudubi n' akajagari, mbere bigashoboka n' uko haba intambara hagati y' abavukagihugu.

N' ubwo rero kwiyumvira iyo narmabara bishobora kuba ar' ukurenza urugero, indyane n' ubugizi bwa nabo vyo n' ibintu bishobora gushika.

Mur' ico gihe bishoboka n' uko habaho ibitero vyo kwihora.

Abari mu ngabo zirinda umtekano wa colonel Gaddafi, harimwo ndetse n' ama komite y' imihari ivuga ko iharanira amahinduka, biragoye ko bazorusimba.

kwiyumvira imirwi yitwaj' ibirwanisho, ishobora guhangana n'abarwanira Gaddafin' iyindi mirwi yose yose ishobora kuba ibifisemwo inyungu bitey'amakenga.