Barashaka kubona ubukene mu banyarwanda

Inzu y' umukene mu rwanda
Image caption Akazu k'umukene

Kubana n'imiryango y'abanyarwanda bato bato, ngo n' ukwirabira uko umukene w'umunyarwanda abayeho.

Ico nico catumye ambasaderi Ben Lewellyn Jones na Elizabeth Carriere, bamaran'iminsi n'imiryango yo mu bumanuko bw' Urwanda.

Babanye n' imiryango mikene yo mu karere ka Nyanza, basangira ubuzima bwa minsi yose mu kiringo c' iminsi itatu.

Intumbero y' abo baserukira Ubwonegereza na DFID, ngo n' ukwihweza uko umunyagihugu abayabaye yifashe, atari ubuzima bw'ikigali gusa, canke ivyo abataegetsi bavuga.

Na bene kugenderwa baravuga ko bahungukiye vyinshi mur' iyo minsi bamaranye.

DFID na leta y'Ubwongereza ngo bifuza kuraba uko bofatanya mu gikorwa co gutez' imbere abanyagihugu.

N'aho ataco bavuze ku buryo nfashanyo zimaze gutangwa zikoreshwa, ngo bwabaye n' uburyo bwo kuraba ko zishikira abo zagenewe.