CNDD FDD iriyamiriza ibivugwa na Manasse

Ibendera ry'u Burundi
Image caption Ibendera ry'u Burundi

Mu Burundi umugambwe CNDD-FDD watanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru, aho wiyamirije ibimaze imisi bivugwa n’umushingamateka Manasse Nzobonimpa.

Uwo mushingamateka avuga ko bamwe mu mugambwe uri ku butegetsi barya igiturire, akanasaba ko haba ibiganiro n’abamaze imisi bagandagura abantu bakoresheje ibirwanisho.

Umugambwe CNDD-FDD uvuga ko umugambi wo kurwanya igiturire, ari uwa reta, ko rero yoreka kuwiyitirira.

Mu kiganiro kigenewe abanyamakuru, umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, Onesme Nduwimana, yanebaguye inzira umushingamateka Manasse Nzobonimpa yaciyemwo mu gushikiriza akamubakiye, mu gihe yari ashinzwe n’amabanga akomeye y’umunyamabanga mu rwego rw’inararibonye muri uwo mugambwe.

Manasse Nzobonimpa rero ngo ntiyigeze ashaka gushikiriza ivyiyumviro vyiwe mu mugambwe.

Nayo kuvyo yashikirije bijanye no kurya ibiturire, Onesime Nduwimana avuga ko uwo ari umugambi wa reta.

Yavuze ko abarya ibiturire batari mu mugambwe uri ku butegetsi gusa, ko rero hakwishinga gukwiragiza amajambo ahubwo bakwiye kubashengeza.

Ibiganiro n'abarwanya leta

Kuvyo Manasse Nzobonimpa asaba ko hoba ibiganiro hagati ya reta n’abamaze imisi basasika inganda, umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi, Onesime Nduwimana, amusaba kwerekana abo ari bo, gutyo babone kuganira bazi n’ico barondera.

Manasse Nzobonimpa ngo amaze imyaka ibiri ata gikorwa na kimwe c’umugambwe yitaba, mbere ngo no mu matora aheruka akaba ngo ata wamukubise n’iryera.

Kubwa Onesime Nduwimana rero ngo yari akwiye gutanga imihoho atariha amenyo y’abatwenzi.