Lt Col Rugigana azoguma mu munyororo ukundi kwezi

Lt Col Rugigana Ngabo
Image caption Lt Col Rugigana Ngabo

Sentare ya gisirikare mu Rwanda yafashe ingingo yo kugumiza Lt Col Rugigana Ngabo mu munyororo ukwezi mu gihe itohoza rikibandanya.

Lt Col Rugiganga Ngabo, mwene wabo na General Kayumba nyamasa ubu yahungiye muri Afrika y'epfo, aregwa ivyaha birimwo kubangamira umutekano w'igihugu.

Uwumwunganira, umushingwamanza Godffrey Butare, yabariye BBC ko bashaka ko itohoza rinyaruka.

Yavuze ko vyoba vyiza apfunzwe ari uko yahamijwe icaha, hako yopfungwa kubera itohoza rikibandanya.

Umushingwamanza Butera yavuze ko amategeko abemerera kwunguruza kuri iyo ngingo mu rukiko rw'ikirenga, ariko ngo ico cemezo ntaco barafata.