Al Shabaab irihaniza u Burundi

Abasirikare b'u Burundi bakomerekeye Somalia Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare b'u Burundi bakomerekeye Somalia

Umutwe urwanya ubutegetsi muri Somalia Al Shabaab uravuga ko umaze kwica abasirikare benshi ukanabahamba.

Ibyo ngo bibwiye ingabo z'u Burundi ko zigomba gutahuka nkuko byagendekeye ingabo z'Amerika n'iza Ethiopia.

Umukuru wa Al Shabaab, Abu Zubeyr yavuze ko ingabo z'u Burundi zayobejwe kandi ko zitagomba guharanira inyungu z'ibihugu bikize.

Umuvugizi w'igisirikare cy'u Burundi, Colonel Gaspard Baratuza ibyo yabiteye utwatsi, avuga ko ingabo z'u Burundi ziri muri Somalia zirimo gukora akazi keza kandi gashimwa na benshi.

Colonel Baratuza yavuze ko abasirikare b'u Burundi baguye muri Somalia batahukanye imirambo yabo, ko rero Al Shabaab ibeshya nta murambo wabo ifite. Gusa hari abamaze kugezwa i Mombasa bari kuvurirwayo nkuko amashusho abyerekana.

Umuvugizi w'igisirikare cy'u Burundi avuga ko ibyo Al Shabaab ibivugishwa n'uko yatsinzwe ku rugamba i Mogadishu aho igisirikare cy'u Burundi giherutse kubatsimbura mu birindiro byabo birimo n'ahahoze hari ubushikiranganji bw'ingabo.