Libya: Ibitero bigiye gutumbereza abasikare bo hasi

Imirwano muri Libya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Imirwano muri Libya

Umugaba w'ubwato bw'intambara bwa Amerika yavuze ko ibitero biva mu kirere ubu bigiye gutumbereza abasirikare ba Col Kaddafi bagitera ibice bifiswe n'abo batavuga rumwe.

Rear Admiral Margaret Klein yavuze ko gutera ibiduga vy'ingwano n'ibigwanisho birasa kure, vyemewe n'icemezo za ONU catanze uruhusha rwo gutera Libya mu gukingira abanyagihugu.

Bivugwa ko indege z'ingwano zagavye ibitero ku basirikare ba Col Kaddafi mu muji ubu ufiswe n'abamurwanya wa Misrata, umaze indwi nyinshi ugoswe.

Amakuru atangwa n'abaganga avuga yuko umuntu umwe ari we amaze kwicwa n'abasirikare ba Kaddafi.

Ku wa kabiri, Col Kaddafi yabariye abamenyeshamakuru ko azotsinda uru rugamba.

Yavuze ko abariko baramurwanya ari abakoresha igitugu, ngo bazoherera mw'iyarara ry'amateka.