Ingabo za Syria zateye abiyamiriza leta

Imyiyerekano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu afp
Image caption Abiyamiriza leta muri Syria baterewe aho bakoranira ku musigiti Daraa

Abaharanira agateka ka zina muntu bemeza kw'abantu batandatu bishwe mur'ico gitero bakoreshejemwo amasasu ku bantu bari bakoraniye mu musigiti

Television ya leta ya Syria, yari yemeje ko har'umurwi ufise ibirwanisho wakorera mur'uyo musigiti.

Yerekanye amashusho yise kw'ar' birwanisho vyari vyarunzwe mur'uyo musigiti.

Mu mins'iheze, abiyamiriza ubutegetsi bwa Syria bari basavye leta ubwigenge bukwiye muri politique, hamwe no kurwany'ibiturire