Amabuye ya congo ku masoko yo hanze

Abari mu barwanyi muri DRC Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Bamwe mu mirwi yitwaje ibirwanisho muri Congo

Amashirahamwe amw'amwe akomeye ahingura za telephone n' ibidni bikoresho vy' ubuhinga yemeranije guharira ivomoamabuye y'agaciro aturutse mu turere tw'intambara muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Ayo mashirahamwe arimwo Apple, Nokia na Dell, azogura ayo mabuye ar'uko abonye ko inkomoko yayo itari mu bice birimwo intambara.

Amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwa mountu yakomeje gusemerera ko amahinguriro yo mu makungu aterera abashoza intambara muri cOngo,mu kugura ayo mabuye y'agaciro ku bitwaj'ibirwanisho

Ariko ishirahamwe ry'abagiraneza b'abanyamerika, rivuga kw'ibihumbi vy'abari mu mashirahamwe mato y'abacukura amabuye y'agaciro, bagiye gutakaza uburyo bwo kwibeshaho.