Cote d'Ivoire: Gbagbo mu biganiro vyo kwitanga

Imirwano ikomeye i Abidjan Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imirwano ikomeye i Abidjan

Nyuma y'iminsi hari imirwano ikomeye ku murwa mukuru wa Cote d'Ivoire, Abidjan, bivugwa ko Laurent Gbagbo ari mu biganiro vyo kwitanga mu gihe yari yananye ku butegetsi.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubufaransa, Francois Fillon, yabariye inama nshingamateka i Paris ko aba general babiri ba bwana Gbagbo bari mu biganiro ku ngingo zo kwitanga.

Ariko abagaba b'abasirikare bashigikiye uwemerwa n'amakungu ko ariwe atwara Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara, bavuga ko kwishikana gukwiye kwa Gbagbo arico conyene bashaka.

Abaserukiye ONU i Abidjan bavuga yuko bwana Gbagbo yahungiye mu cumba co munsi mu ngoro y'umukuru w'igihugu, bakaba bariko barahimiriza abarwanyi biwe gushira ibirwanisho hasi.

Laurent Gbagbo, yaranse kwemera ko yatsinzwe amatora y'umukuru w'igihugu yo mu mpera z'umwaka uheze aho yahiganwa ba Alassane Ouattara, yemerwa n'amakungu ko ariwe yatsinze ayo matora.