Imyaka 17 iraheze Prezida Ntaryamira agandaguwe

Prezida Cyprien Ntaryamira Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Prezida Cyprien Ntaryamira

Mu Burundi, uyu wa gatatu wabaye uwo akaruhuko, mu gihe bibuka imyaka 17 irangiye prezida Cyprien Ntaryamira aryamiye ukuboko kw’abagabo.

Yakorowe mu ndege n’abantu bataramenyekana gushika ubu, ari kumwe na mugenzi we w'u Rwanda, prezida Juvenal Habyarimana.

Umuryango w’uwo muhisi n’umugambwe Sahwanya Frodebu yaturukamwo, baguma basaba ko ukuri kuri urwo rupfu kwomenyekana, ubona ko n’indishi y’akababaro itarashikira abayigenewe.

Uko kwibuka imyaka 17 irangiye umuhisi Prezida Cyprien Ntaryamira yishwe, kwatanguriwe n’inkuka y’imisa yitabwe n’abategetsi batandukanye barongowe na prezida Pierre Nkurunziza.

Urukundo rwa Ntaryamira

Muri iyo nkuka y’imisa, bibukije ingene umuhisi Prezida Cyprien Ntaryamira yarangwa n’urukundo, bikabonekera ku kungene yasavye Abarundi kugira discipline mu bihe bikomeye u Burundi bwarimwo.

Mu nyuma baciye baja gushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’uwo muhisi na bagenzi we bari kumwe, abashikiranganji Bernard Ciza ba Cyriaque Simbizi.

Icatumye indege barimwo ikoroka, n’ubu ntikiramenyekana, Leonce Ngendakumana arongoye umugambwe Sahwanya-Frodebu, ari na wo abo bahisi bose bakomokamwo, asaba ko amareta y’u Burundi n’u Rwanda akorana kugira ngo ukuri kumenyekane.

Hagati aho, mu gihe imiryango y’abari muri iyo ndege yose imaze kuronka indishi z’akababaro zitegekanijwe n’amategeko, iy’aba nyakwigendera Prezida Cyprien Ntaryamira n’abashikirangani biwe babiri, nta n’urumeya bararonka.