Iyindi nyamugigima muri Japon

Isakamburira ry'ivyasambutse Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Nyamugigima na tsunami vyasize isakamburira muri Japon

Uburaruko bushira ubuseruko muri Japon bwongeye kumva umurindi wa nyamugigima wangana na 7.1 ku rupimo rwa Ritchter.

Ariko nta ngaruka zayo zabonetse ku kibanza ca Fukushima gihingurirwamwo inguvu za nucleair, cononekaye mu kwezi guheze kubera nyamugigima na tsunami

Abategetsi ba Japon bategetse abab hafi y' ako gace k' uburaruko bushira ubuseruko kuhimuka

Abakozi bari ku kibanza c'iFukushima nabo nyene bimuwe.

Iyo nyamugigima y' uno munsi yumvikaniye kuri km 118 mu buraruko bwa Fukushima, yar'ikomeye ku buryo yanyiganyije inyubakwa mu muji wa Tokyo, iri ku km 265 uja mu bumanuko.

Ikigo kijejwe kugendereza ikirere muri Japon cagabishije ko ko inkengero za japon kuva Aomori kugera Ibaraki, ziriko ziragaga kubera iyo nyamugigima.

Imirindi ya nyamugigimayagiye yumvikana, ikwirikira iyambere yo kuwa 11 ukwezi guheze, ariko nta n'imwe yari bwagere kuri 7.0

Abantu baharurwa mu bihumbi 28 barapfuye abandi babura irengero, nayo abagera ku bihumbi amajana basigaye mu gahinga, basamburiwe na tsunami yateye intara ya Miyagi.