Gabriel Rufyiri yarekuwe n'igipolisi c'u Burundi

Mu rugendo rwo gusabira ubutungane Ernest Manirumva
Image caption Mu rugendo rwo gusabira ubutungane Ernest Manirumva

Mu Burundi umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura amatungo y’igihugu Gabriel Rufyiri yarekuwe n’igipolisi we na bagenzi we bo muri societe civile.

Bari bafashwe mu gitondo(ku munsi wagatanu) bashaka kugira imyiyerekano yo gusaba ubutungane kuri Ernest Manirumva, uwo nawe n’uwari icegera c’umukuru wa OLUCOME amaze imyaka ibiri agandaguwe, gushikas ubu urubanza rwiwe akaba ata ntabwe nini ruragira.

Amashirahamwe ya societe civile yikeka ko Manirumva yahowe amatohoza yoba yariko arakora.

Kuva mu gitondo kare vyaboneka ko hari ikintu abapolisi bari biteguriye kuko bari benshi kandi inkinzo n’umuheto bafoye mu bibanza bikuru vyo mu gisagara hagati, na cane cane ahakorera umushikirizamanaza wa republika hamwe na sentare zitari nke no ku kibanza citiriwe ukwikukira.

Ariko abari bateguye imyiyerekano bashoboye gusohoka aho bari bumvikanye guhurira, ku kigo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka.

Ntibashoboye kwiyerekana

Ariko batanguye kwihereza ibarabara n’ivyapa vyabo mu gacerere, nta ntabwe nyinshi bagize abapolisi batarahashika barongowe n’umukuru w’igipoilisi mu ntara y’ubuseruko David Nikiza nawe nyene asanzwe yikekwa mu boba baragize uruhara mu rupfu rwa Manirumva, baca babashwaramwo babaka ivyapa bari bafise.

Imbere y’uko bamwuriza umuduga wabo hamwe n’umwe mu bo bakorana, abapolisi bahaririye gato n’umukuru w’ishirahawe rigwanya ibiturire OLUCOME, Gabriel Rufyiri, yari mu barongoye iyo myiyerekano, abapolisi bemeza ko ata ruhusha rw’umukuru w’igisagara bari bafise nawe yemeza ko bari baruronse.

Ngo bubaye ubwa gatatu bababuza kugira imyiyerekano bavuga ko barekuriwe n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.

Abari bateguye iyo myiyerekano baciye baboneraho akaryo ko gutangura kwegeranya interarano y’ibihumbi 350 sentare yavuze ko ikenye kugira imenyeshe abari mu rubanza rwa Manirumva ko sentare baburaniramwo yahindutse sentare isubiramwo imanza ikaba iherutse kurusubiza muri sentare nkuru y’igihugu y’I Bujumbura.

Imyaka ibiri irakwiye Arnest manirumva yiciwe i muhira iwe, amatohoza muri urwo rupfu akaba yafashijwemwo n’igipolisi c’Abanyamerika arico canasavye ko hari intwazangabo zitari nke mu gipiolisi zokwumvirizwa zikanafatwa ibipimo vyo kuraba ko ataho bahuriye n’ivyo bafashe ku muhisi Manirumva n’ivyakoreshejwe mu kumugandagura.

Kubona ivyo bitaraba, abasaba ubutungane kuri manirumva bibaza ko ari ibigirankana vy’ubutegetsi kugira urubanza ntirutere imbere kubera hari abategetsi bashobora kuba barabigizemwo ruhara.