Abanyamulenge bava Katanga bifuza gutaha

DRc flag
Image caption Idrapo y'igihugu ya Congo

Impunzi zaturutse katangaziri mu burundi ubu ziharurwa mu bihumbi umunani, bakavuga ko aribo bamaze igihe kinini kuruta abavuye mu yindi mihingo ya Congo, nko mu ntara za kivu zompi

Haraheze imyaka ibiri hamaze gutangura igikorwa co gutahukana impunzi ku bushake, Uburundi bubifatanije na HCR na Congo nyene,aho bamwe mu banyecongo bamaze gutangura gutahukanwa iwabo

Ariko impunzi z'abanyamulenge zituruka muri Katanga zemeza ko zisa n'izikumiriwe mur'ico gikorwa zivuga ko catanguye ahanini arizo kiraba, kubw'igihe kirekire zimaze mu buhungiro

Uwuvugira izo mpunzi Freddy Gakunzi, yemeza ko mu ntango impunzi zituruka muri Katanga zari zasavye cane gutaha, kuko zimaze hafi imyaka 12 hanze y'igihugu.

Ariko mur'iki gihe yemeza ko abatahukanwa ar'abaturuka mu ntara za Kivu cane cane, nayo abo muri Katanga bagasabwa kwihangana canke bagataha muri Kivu

Freddy Gakunzi avua kw'insiguro bahabwa ku mpamvu batoja iwabo iyo baturutse zitandukanye.

Hamwe babwirwa ko umutekano wabo udakwiye, ahandi bakumvishwa ko Congo itifuza kubakirira iyo baje bava.

Uwujejwe igikorwa co gukingira umutekano impunzi mu Burundi, Didas Nzikoruriho, avuga koko ko umutekano wagarutse muri Katanga, ariko kw'abanyagihugu baho batarategurwa kwakira izo mpunzi.

Uburundi rero ngo burindiriye ko Congo yemeza kw'izo mpunzi zishobora gutaha ata kibazo kugira zemererwa kuja Katanga.

Yibukije kw'ikibazo co kuterekwa abo banyamulenge kiri mu banyagihugu ba Katanga catumye bamena idokari z' abahagaraiye ishirahamwe mpuzamakugnu ONu, haraheze imyaka ibiri.