Leta ya Syria iragabisha abagir'imyiyerekano

Imyiyerekano muri Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abari mu myiyerekano kuri clock square mu muji wa Homs muri Syria

Ababibonye bavuga kw'abantu barenga ibihumbi 20 bari mu myiyerekano,aho bari bigaruriye agace ka Homs mu muji hagati, aho abajejwe umutekano batangura kurasa

Umwe mu babibonye yabwiye BBCk'urwamo rw'amasasu rwamen'amatwi,yavuze kandi kw'abantu amajana bakomeretse, kandi ata modokari zo kubatwara kw amuganga zihari.

Uwundi yari ngaho yavuze kw'abantu umunani bahasize ubuzima.

Abajejwe umutekano biravurw ako bagiye bahiga abantu abri mu myiyerekano mu mabarabara,bamaze kubavana mur'ako gace ka Homs.

Abanya Syria bagera ku 200 baramaze kurwa mur'iyi myiyerekano imaze iminsi,itabujijwe kubandanya n'ivyo president Al Assad yasezeranye kuzohindura.