Bose ntibishimiye amatora muri Nigeria

Akaguma muri Nigeria kubera amatora Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Akaguma muri Nigeria kubera amatora

Mu bice vyo mu buraruko bwa Nigeria, hadutse akaguma nyuma yaho bigaragariye ko umukuru w'igihugu yahahora, Goodluck Jonathan, ashobora kuba yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu.

Bwana Jonathan, ni umukristu ava mu bumanuko, akaba yahiganwa na Muhammadu Buhari, ava mu gice ciganjemwo aba Islam mu buraruko.

Igihe ivyavuye mu matora vyatanguye kugaragara, abashigikiye bwana Buhari batwawe n'agashavu batangura guturira inzu z'ababanyi batoye bwana Jonathan.

Mu muji wa Kano, ababibonye bavuga yuko imigwi y'urwaruka yaza iraririmba ivuga ko ishaka Buhari gusa.

Mu muji wa Kaduna bashizeko umukwabu.