Isubiranamo mu ngabo za Cote d'Ivoire

Ingabo za Ouattara zasubiranyemo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ingabo za Ouattara zasubiranyemo

Abasirikare bashigikiye umukuru w'igihugu mushasha wa Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara, batanye mu mitwe bararasana, bikaba vyerekanye ko hari umwumvikano muke hagati y'abamufashije gushika kubutegetsi.

Abasirikare bashigikiye Ouattara haciye indwi imwe bafashe igihugu nyuma y'aho uwahora akiramutswa Laurent Gbagbo afatiwe yari yanse kuva ku butegetsi nyuma yo gutsindwa amatora y'umukuru w'igihugu yo mu mpera z'umwaka uheze.

Agahengwe kariko karagaruka ku muji mukuru wa Adidjan ahabereye imirwano ikomeye.

Ariko utugwi tw'abashigikiye Laurent Gbagbo turacatera igere mu gice co mu burengero ca Yopougon.