Igisirikare ca Congo cabohoje abanyurujwe na FDL

Abasirikare ba Congo
Image caption Abasirikare ba Congo

Muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, muri Kivu yo mu bumanuko, abasirikare ba leta barabohoje abantu 58 bari banyurujwe na FDLR.

Bamwe baje baravyaye, abandi bafise inda z'abarwanyi bari barabanyuruje, bose ngo bakaba bakeneye kuvurwa kuko baje barwaye.

Ababakiriye ngo basanze bafise ibibazo vyo mu mutwe vyatewe ahanini no kuba ahantu biherere igihe kire kire.

Ngo birabagora nko kuraba umuntu mu maso, bakaguma kandi bikeka ko utwenze wese aribo ariko aravuga.

Ariko ivyo vyose FDLR irabihakana, umuvugizi wayo Laforege Fils Bazeye, yabariye BBC ko ahubwo ari igisirikare ca Kongo catwaye abo bantu.

Ngo cabanje kubajana ahitwa Muhuzi, babangamiwe n'inzara ngo baca bahungira ahitwa Kibudika, akaba ariho baba gushika ubu.